Ikirundi gehiti

Ayah by Ayah

Tags

Download Links

Ikirundi gehiti translation for Surah Al-Qasas — Ayah 27

28:27
قَالَ إِنِّيٓ أُرِيدُ أَنۡ أُنكِحَكَ إِحۡدَى ٱبۡنَتَيَّ هَٰتَيۡنِ عَلَىٰٓ أَن تَأۡجُرَنِي ثَمَٰنِيَ حِجَجٖۖ فَإِنۡ أَتۡمَمۡتَ عَشۡرٗا فَمِنۡ عِندِكَۖ وَمَآ أُرِيدُ أَنۡ أَشُقَّ عَلَيۡكَۚ سَتَجِدُنِيٓ إِن شَآءَ ٱللَّهُ مِنَ ٱلصَّٰلِحِينَ ٢٧
Se wa ba bigeme yabwiye Musa ati: “Uzi n’inkuru, jewe ngomba kugushingira umwe muri aba bakobwa banje babiri, inkwano ziwe zikaba ari uko wonkorera ukandagirira ibitungwa mu kiringo c’imyaka umunani; mu gihe worenzako ugakwiza ikiringo c’imyaka cumi, ivyo vyokuvako, vyoba ari no ku bugwaneza bwawe kuko sindi ng’aho kugira ndakuremereze ngo ukwize imyaka cumi. Imana Allah niyabishaka rero, uzosanga ndi mu beranda bubahiriza ivyo basezeranye”.