Ikirundi gehiti

Ayah by Ayah

Tags

Download Links

Ikirundi gehiti translation for Surah Al-Qasas — Ayah 48

28:48
فَلَمَّا جَآءَهُمُ ٱلۡحَقُّ مِنۡ عِندِنَا قَالُواْ لَوۡلَآ أُوتِيَ مِثۡلَ مَآ أُوتِيَ مُوسَىٰٓۚ أَوَلَمۡ يَكۡفُرُواْ بِمَآ أُوتِيَ مُوسَىٰ مِن قَبۡلُۖ قَالُواْ سِحۡرَانِ تَظَٰهَرَا وَقَالُوٓاْ إِنَّا بِكُلّٖ كَٰفِرُونَ ٤٨
Igihe rero Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) izaniye nya bagararji ukuri kuvuye iwacu Twebwe Allah, bavuze bati: “Ubwo ntiyari gupfuma ahabwa ibitangaro bifadika nk’ivyahawe Musa, akanamanurirwa Qor’ani iri hamwe nka Tawurati!”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “None aho hambere yanje, abayahudi ntibagararije Musa kandi yahawe n’ibitangaro bifadika bivuye ku Mana Allah!”. Baranavuze ko Tawurati na Qor’ani bihuriye ku kuba vyose ari uburozi bukomoka hamwe, baca bavuga bati: “Mu vy’ukuri rero twebwe, ivyo Bitabu uko ari bibiri n’Intumwa zabihawe, tubigararije vyose”.