Ikirundi gehiti

Ayah by Ayah

Tags

Download Links

Ikirundi gehiti translation for Surah Al-'Ankabut — Ayah 40

29:40
فَكُلًّا أَخَذۡنَا بِذَنۢبِهِۦۖ فَمِنۡهُم مَّنۡ أَرۡسَلۡنَا عَلَيۡهِ حَاصِبٗا وَمِنۡهُم مَّنۡ أَخَذَتۡهُ ٱلصَّيۡحَةُ وَمِنۡهُم مَّنۡ خَسَفۡنَا بِهِ ٱلۡأَرۡضَ وَمِنۡهُم مَّنۡ أَغۡرَقۡنَاۚ وَمَا كَانَ ٱللَّهُ لِيَظۡلِمَهُمۡ وَلَٰكِن كَانُوٓاْ أَنفُسَهُمۡ يَظۡلِمُونَ ٤٠
Umwe wese muri abo Tudondaguye rero, Twamuhaniye icaha ciwe ku gatwe kiwe; muri bo harimwo abantu ba Luutwi Twahanishije igihuhusi c’amabuye y’urutavanako maze kirabahitana; hakabamwo n’abantu ba Swalehe n’abantu ba Shu’ayibu bahitanwe n’akaruru gahonya gaturutse hejuru; hakabamwo na Qaaruuni Twafuririye mu kuzimu; harimwo rero n’abantu ba Nuhu hamwe na Firawuni n’abantu biwe Twasomesheje nturi. Imana Allah, ntiyari kubarenganya ngo Ibahanire ivyaha vyakozwe n’abandi; ariko rero, ni uko bari birenganije mu kubangikanya Imana Allah ha kuyisenga ari Imwe Rudende kandi ari Yo Ibabeshejeho.