Ikirundi gehiti

Ayah by Ayah

Tags

Download Links

Ikirundi gehiti translation for Surah Luqman — Ayah 33

31:33
يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّاسُ ٱتَّقُواْ رَبَّكُمۡ وَٱخۡشَوۡاْ يَوۡمٗا لَّا يَجۡزِي وَالِدٌ عَن وَلَدِهِۦ وَلَا مَوۡلُودٌ هُوَ جَازٍ عَن وَالِدِهِۦ شَيۡـًٔاۚ إِنَّ وَعۡدَ ٱللَّهِ حَقّٞۖ فَلَا تَغُرَّنَّكُمُ ٱلۡحَيَوٰةُ ٱلدُّنۡيَا وَلَا يَغُرَّنَّكُم بِٱللَّهِ ٱلۡغَرُورُ ٣٣
Emwe bantu! Nimugamburukire Imana yanyu Rurema Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, maze mwiyubare umusi w’umuhero w’isi, igihe umuvyeyi ata co azomarira umwana wiwe, eka n’umwana nta na kimwe azomarira umuvyeyi wiwe. Mu vy’ukuri isezerano ry’Imana Allah, ni iry’ukuri; ntimuhendwe rero n’ibihendamaso vyo mu buzima bwo kw’isi, ngo bibabuze kwitegurira ubuzima bw’inyuma yo gupfa, kandi ntimugahendwe na shetani ibibagiza Imana Allah1.
Footnotes
  • [1] Shetani ihubisha abantu ikabibagiza Imana Allah, irashobora kuba ikomoka mu bantu canke mu majini.