Ikirundi gehiti

Ayah by Ayah

Tags

Download Links

Ikirundi gehiti translation for Surah As-Sajdah — Ayah 4

32:4
ٱللَّهُ ٱلَّذِي خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ وَمَا بَيۡنَهُمَا فِي سِتَّةِ أَيَّامٖ ثُمَّ ٱسۡتَوَىٰ عَلَى ٱلۡعَرۡشِۖ مَا لَكُم مِّن دُونِهِۦ مِن وَلِيّٖ وَلَا شَفِيعٍۚ أَفَلَا تَتَذَكَّرُونَ ٤
Imana Allah, ni Yo Yaremye amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo mu misi itandatu1, hanyuma Iraheza Irahangama hejuru y'ibiremwa vyose ku Buhangamo bwayo "Al’Arsh" mu buryo buberanye n'icubahiro cayo2. Bantu! Nta muhagarikizi mufise abatunganiriza ivyanyu havuye Imana Allah, eka nta n’uwubavugira mufise yobakurako ibihano vyayo atari ku burenganzira bwayo. Ubwo none, ntimwokwibuka mukamenya ko Imana Allah Ikwiye gusengwa ari Imwe Rudende Itabangikanywa!
Footnotes
  • [1] Imana Allah Yaremye amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo mu misi itandatu ku mvo Yo Yonyene Izi, ni na Yo Ishoboye kurema mu kubwira ikintu Iti: “Ba”, kigaca kiba ubwo nyene.
  • [2] Uguhangama kw’Imana Allah ntikugereranywa n’uguhangama kw’ibiremwa.