Ikirundi gehiti

Ayah by Ayah

Tags

Download Links

Ikirundi gehiti translation for Surah Al-Ahzab — Ayah 55

33:55
لَّا جُنَاحَ عَلَيۡهِنَّ فِيٓ ءَابَآئِهِنَّ وَلَآ أَبۡنَآئِهِنَّ وَلَآ إِخۡوَٰنِهِنَّ وَلَآ أَبۡنَآءِ إِخۡوَٰنِهِنَّ وَلَآ أَبۡنَآءِ أَخَوَٰتِهِنَّ وَلَا نِسَآئِهِنَّ وَلَا مَا مَلَكَتۡ أَيۡمَٰنُهُنَّۗ وَٱتَّقِينَ ٱللَّهَۚ إِنَّ ٱللَّهَ كَانَ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ شَهِيدًا ٥٥
Nta caha kiri ku bagore bemera Imana Allah, mu kutitwikira mu gihe bari kumwe na ba se, bari kumwe n’abahungu babo, basaza babo, abahungu ba basaza babo canke ba benewabo, bari kumwe n’abemeramanakazi hamwe rero n’abo bagaba bakaganza mu bashumba babo. Ivyo bikaba biri ukwo, kuko bakenerana kenshi mu dukorwa twabo twa misi yose. Bemeramanakazi! Nimwikingire ibihano vy’Imana Allah, mu kutarenga ku mabwirizwa yayo1. Mu vy’ukuri Imana Allah, Irabona neza ibikorwa vyose vy’ibiremwa; ibihishije n’ibigaragara, kandi Izobibihembera.
Footnotes
  • [1] Amabwirizwa abakenyezi b’abemeramanakazi babuzwa kurengako ng’aha, ni ukugaragariza ibisharizo bambaye abatarekuriwe kubibona, hamwe rero no kutitwikira mu gihe bari kumwe n’abatarekuriwe kubabona mu bagabo n’abagore batitwikiriye.