Ikirundi gehiti

Ayah by Ayah

Tags

Download Links

Ikirundi gehiti translation for Surah Saba — Ayah 14

34:14
فَلَمَّا قَضَيۡنَا عَلَيۡهِ ٱلۡمَوۡتَ مَا دَلَّهُمۡ عَلَىٰ مَوۡتِهِۦٓ إِلَّا دَآبَّةُ ٱلۡأَرۡضِ تَأۡكُلُ مِنسَأَتَهُۥۖ فَلَمَّا خَرَّ تَبَيَّنَتِ ٱلۡجِنُّ أَن لَّوۡ كَانُواْ يَعۡلَمُونَ ٱلۡغَيۡبَ مَا لَبِثُواْ فِي ٱلۡعَذَابِ ٱلۡمُهِينِ ١٤
Igihe rero Twebwe Allah Twiciye Sulayimani, nta camenyesheje Amajini ko yapfuye, kiretse umuswa wariye inkoni yari yishimikije aca arahenuka. Sulayimani amaze kugwa hasi, ni ho rero ya Majini yatahura ko iyo aba azi ibinyegejwe ibiremwa, atari kuguma mu bihano vyo gukoreshwa na Sulayimani ku kwibwira ko akiri muzima kandi yapfuye kera1.
Footnotes
  • [1] Iyi Aayah, iremeza ko Amajini atazi na kimwe mu binyegejwe ibiremwa “ILMU L-GHAYB”, kuko iyo Amajini aba azi ibinyegejwe ibiremwa, Amajini yakoreshwa na Sulayimani aba yaramenye ubwayo urupfu rwa Sulayimani, agaheza akareka kuguma mu bikorwa, yibaza ko Sulayimani aho yari ahagaze yishimikije inkoni, ayabona kandi yari yapfuye kera.