Ikirundi gehiti

Ayah by Ayah

Tags

Download Links

Ikirundi gehiti translation for Surah Saba — Ayah 21

34:21
وَمَا كَانَ لَهُۥ عَلَيۡهِم مِّن سُلۡطَٰنٍ إِلَّا لِنَعۡلَمَ مَن يُؤۡمِنُ بِٱلۡأٓخِرَةِ مِمَّنۡ هُوَ مِنۡهَا فِي شَكّٖۗ وَرَبُّكَ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٍ حَفِيظٞ ٢١
Hamwe n’ivyo rero, Ibilisi nta bubasha afise bwo guhatira abagararije ku bugarariji, ariko mu vyagezwe, aratera inyoshambi Bene Adamu, kugira Twebwe Allah Tugaragaze mu vyo Dusanzwe Tuzi, uwemera n’uwutemera afise amakenga kw’ihembwa ry’ibiremwa n’izurwa ryavyo mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Burya Imana yawe Rurema Allah, ni Umubungabunzi w’ikintu cose mu bikorwa vy’ibiremwa, kandi Izokibihembera.