Ikirundi gehiti

Ayah by Ayah

Tags

Download Links

Ikirundi gehiti translation for Surah Saba — Ayah 23

34:23
وَلَا تَنفَعُ ٱلشَّفَٰعَةُ عِندَهُۥٓ إِلَّا لِمَنۡ أَذِنَ لَهُۥۚ حَتَّىٰٓ إِذَا فُزِّعَ عَن قُلُوبِهِمۡ قَالُواْ مَاذَا قَالَ رَبُّكُمۡۖ قَالُواْ ٱلۡحَقَّۖ وَهُوَ ٱلۡعَلِيُّ ٱلۡكَبِيرُ ٢٣
Nta vugira ry’umuvugizi rizogira ico rimariye ikiremwa ku Mana Allah, kiretse ivugira ry’uwurekuriwe na Yo. Iyo rero Imana Allah Ihishuye amajambo yayo, maze ibiremwa vyo mu majuru bikumva nya hishurwa, birahinda agashitsi bikanahakwa kugwa igihumura ku kuyubaha. Bimaze rero guturura bigatekana, umutima ugasubira mu nda, bica bibazanya hagati yavyo biti: “Mbega yemwe! Aha munyumvira Imana yanyu Rurema Allah Ihishuye Ivuga iki?”. Abamalayika bagaca bishura bavuga bati: “Yahishuye Ivuga ukuri kudahinyuzwa, kandi ni Yo Nyenicubahiro-ntangere, Nyenubukuru”.