Ikirundi gehiti

Ayah by Ayah

Tags

Download Links

Ikirundi gehiti translation for Surah Saba — Ayah 31

34:31
وَقَالَ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ لَن نُّؤۡمِنَ بِهَٰذَا ٱلۡقُرۡءَانِ وَلَا بِٱلَّذِي بَيۡنَ يَدَيۡهِۗ وَلَوۡ تَرَىٰٓ إِذِ ٱلظَّٰلِمُونَ مَوۡقُوفُونَ عِندَ رَبِّهِمۡ يَرۡجِعُ بَعۡضُهُمۡ إِلَىٰ بَعۡضٍ ٱلۡقَوۡلَ يَقُولُ ٱلَّذِينَ ٱسۡتُضۡعِفُواْ لِلَّذِينَ ٱسۡتَكۡبَرُواْ لَوۡلَآ أَنتُمۡ لَكُنَّا مُؤۡمِنِينَ ٣١
Abagararije na bo bavuze bati: “Ntiturota twemera iyi Qor’ani, eka ntitunarota twemera n’Ibitabu vya Tawurati, Injili na Zaburi vyamanuwe imbere yayo”. Ntumwa y’Imana! Iyo uba wobona ukuntu abirenganije mu kugarariza bahagaritswe imbere y’Imana yabo Rurema Allah kugira Ibaharurire, baharira hagati yabo mu gutanako imiragwe, wobonye igitangaza giteye ubwoba; aho abacinyijwe bavuga babwira abagize amanyama bakihambaza mu kubahubisha bati: “Iyo hataba mwebwe mwaduhubishije, ni ukuri twari kuba abemeramana koko”.