Ikirundi gehiti

Ayah by Ayah

Tags

Download Links

Ikirundi gehiti translation for Surah Fatir — Ayah 10

35:10
مَن كَانَ يُرِيدُ ٱلۡعِزَّةَ فَلِلَّهِ ٱلۡعِزَّةُ جَمِيعًاۚ إِلَيۡهِ يَصۡعَدُ ٱلۡكَلِمُ ٱلطَّيِّبُ وَٱلۡعَمَلُ ٱلصَّٰلِحُ يَرۡفَعُهُۥۚ وَٱلَّذِينَ يَمۡكُرُونَ ٱلسَّيِّـَٔاتِ لَهُمۡ عَذَابٞ شَدِيدٞۖ وَمَكۡرُ أُوْلَٰٓئِكَ هُوَ يَبُورُ ١٠
Uwurondera rero icubahiro c’iteka mu buzima bwo kw’isi canke mu bw’inyuma yo gupfa, arakironderera mw'iyumviramana, burya icubahiro cose c’iteka gikomoka kuri Yo1. Ininahaza n’itaziramana riduga ku Mana Allah, n’ibikorwa vyiza nyene Ibiduza kuri Yo. Abagira ubwononyi mu gucumura, barategekanirijwe ibihano bikaze mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ubwononyi bwabo rero nta co buzobashikanako.
Footnotes
  • [1] Uwurondereye iteka n’icubahiro ku kiremwa nkawe, Imana Allah Iramusuzuguza; nayo uworondereye iteka n’icubahiro kuri Rurema Allah, Imana Allah Iramuha nya teka n’icubahiro.