Ikirundi gehiti

Ayah by Ayah

Tags

Download Links

Ikirundi gehiti translation for Surah Az-Zumar — Ayah 17

39:17
وَٱلَّذِينَ ٱجۡتَنَبُواْ ٱلطَّٰغُوتَ أَن يَعۡبُدُوهَا وَأَنَابُوٓاْ إِلَى ٱللَّهِ لَهُمُ ٱلۡبُشۡرَىٰۚ فَبَشِّرۡ عِبَادِ ١٧
Na barya bitandukanya n’isengwa ry’ibigirwamana vy’ubwoko bwose1, bakagaruka bakigaya ku Mana Allah, maze bakayiyegereza mu vyo bagira vyose, bagenewe inkuru nziza yo kuyagwa no gushobozwa n’Imana Allah mu buzima bwo kw’isi, hamwe rero no kuronswa impembo nziza kandi zamaho mu Bwami bw’ijuru. Ntumwa y’Imana! Shikiriza rero inkuru nziza ihumuriza abaja banje;
Footnotes
  • [1] Ibigirwamana vyo mu bwoko bwose “TWAAGHUUT”, ni ikiremwa ico ari co cose gisengwa mu gishingo c’Imana Allah, gishimishwa n’iryo sengwa.