Ikirundi gehiti

Ayah by Ayah

Tags

Download Links

Ikirundi gehiti translation for Surah Fussilat — Ayah 12

41:12
فَقَضَىٰهُنَّ سَبۡعَ سَمَٰوَاتٖ فِي يَوۡمَيۡنِ وَأَوۡحَىٰ فِي كُلِّ سَمَآءٍ أَمۡرَهَاۚ وَزَيَّنَّا ٱلسَّمَآءَ ٱلدُّنۡيَا بِمَصَٰبِيحَ وَحِفۡظٗاۚ ذَٰلِكَ تَقۡدِيرُ ٱلۡعَزِيزِ ٱلۡعَلِيمِ ١٢
Ni ho rero Imana Allah, Yatunganya iremwa ry’amajuru indwi mu misi ibiri, gutyo ikiringo c’imisi y’iremwa ry’amajuru indwi n’isi, kiba imisi itandatu1; Iraheza rero Ihishura mw’ijuru rimwerimwe amabwirizwa yubahirizwa muri ryo, Iranashariza ijuru ryegereye isi n’inyenyeri zakaka nk’amatara, kugira Irikingire kuvogerwa n’amashetani asuma urusaku. Iryo remwa ritangaje ry’ivyo vyose rero, ni indinganizo yateguwe na Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenubumenyikurivyose”.
Footnotes
  • [1] Imana Allah Yaremye amajuru n’isi mu misi itandatu ku ntumbero Yo Yonyene Izi kandi Ifise ku biremwa, mu gihe Ishoboye kubirema vyose mu kanya isase.