Ikirundi gehiti

Ayah by Ayah

Tags

Download Links

Ikirundi gehiti translation for Surah Fussilat — Ayah 51

41:51
وَإِذَآ أَنۡعَمۡنَا عَلَى ٱلۡإِنسَٰنِ أَعۡرَضَ وَنَـَٔا بِجَانِبِهِۦ وَإِذَا مَسَّهُ ٱلشَّرُّ فَذُو دُعَآءٍ عَرِيضٖ ٥١
Iyo rero Twebwe Allah, Duhaye umuntu inema zacu akaroranirwa mu buzima, aca ahindukira akagira amanyama. Iyo naho akozweko n’ikiza c’ubukene canke indwara n'ibindi, araheza agasaba Imana Allah ayitabaza ko Ikimukurako1.
Footnotes
  • [1] Umuntu amenya Imana Allah iyo ari mu magorwa, agaheza akayisaba; ariko iyo Igize ngo Iramukuye muri nya magorwa, aca ayigarariza akanayihambazako.