Ikirundi gehiti

Ayah by Ayah

Tags

Download Links

Ikirundi gehiti translation for Surah Fussilat — Ayah 53

41:53
سَنُرِيهِمۡ ءَايَٰتِنَا فِي ٱلۡأٓفَاقِ وَفِيٓ أَنفُسِهِمۡ حَتَّىٰ يَتَبَيَّنَ لَهُمۡ أَنَّهُ ٱلۡحَقُّۗ أَوَلَمۡ يَكۡفِ بِرَبِّكَ أَنَّهُۥ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ شَهِيدٌ ٥٣
Abahakana bivuye inyuma Aayah za Qor’ani, Tuzobereka ivyemezo vyacu mu biba mu turere dutandukanye1, no mu biba mu kuntu bo nyene baremwe, gushika n’aho bamenya neza ata kwihenda ko Qor’ani ari ukuri kwahishuwe n’Imana Allah. Mbega ntivyari bikwiye kugira bemere Qor’ani n’uwayihishuriwe, kuba Imana yawe Rurema Allah ari Yo Ivyemeza2, Ikaba ari na Yo Ibona neza ibikorwa vyose vy’ibiremwa, Ikazobibihembera!
Footnotes
  • [1] Haba mu gutsinda kw’ubwislamu bukaganza ayandi madini canke mu bitangaro biba mu majuru no mw’isi.
  • [2] Nta cemezo coza gisumba icemezo gitanzwe n’Imana Allah.