Ikirundi gehiti

Ayah by Ayah

Tags

Download Links

Ikirundi gehiti translation for Surah Al-Fath — Ayah 26

48:26
إِذۡ جَعَلَ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ فِي قُلُوبِهِمُ ٱلۡحَمِيَّةَ حَمِيَّةَ ٱلۡجَٰهِلِيَّةِ فَأَنزَلَ ٱللَّهُ سَكِينَتَهُۥ عَلَىٰ رَسُولِهِۦ وَعَلَى ٱلۡمُؤۡمِنِينَ وَأَلۡزَمَهُمۡ كَلِمَةَ ٱلتَّقۡوَىٰ وَكَانُوٓاْ أَحَقَّ بِهَا وَأَهۡلَهَاۚ وَكَانَ ٱللَّهُ بِكُلِّ شَيۡءٍ عَلِيمٗا ٢٦
Igihe abagararije bagira ubwibone nk’ubwibone bamanye n’imbere yuko barungikirwa Intumwa, maze banka kwemera Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) kubera nya bwibone1, maze Imana Allah Iraheza Imanurira ituze Intumwa yayo hamwe n’abemeramana bari kumwe na yo, Iraheza Ibatsimbataza kw’ijambo ry’igamburukiramana2, bari n’abantu bakwiye koko gutsimbatazwa kuri ryo, kuruta ababangikanyamana. Burya Imana Allah, Yamye Izi neza ibigirwa n’ibiremwa, ni Nyenubumenyikurivyose.
Footnotes
  • [1] Ku kubera ubwibone bwabo, baranse ko mu ntango ya nya masezerano handikwa izina ry’Imana Allah ngo: “Kw’izina ry’Imana Allah, Nyenimpuhwe ku biremwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo”, banka n’uko mu gusozera handikwamwo ngo: “Ibi ni vyo Intumwa y’Imana Muhamadi yumvikanye n’Abakorayishiˮ.
  • [2] “LAA ILAAHA ILLA LLAAH”.