Ikirundi gehiti

Ayah by Ayah

Tags

Download Links

Ikirundi gehiti translation for Surah Al-Hujurat — Ayah 14

49:14
۞ قَالَتِ ٱلۡأَعۡرَابُ ءَامَنَّاۖ قُل لَّمۡ تُؤۡمِنُواْ وَلَٰكِن قُولُوٓاْ أَسۡلَمۡنَا وَلَمَّا يَدۡخُلِ ٱلۡإِيمَٰنُ فِي قُلُوبِكُمۡۖ وَإِن تُطِيعُواْ ٱللَّهَ وَرَسُولَهُۥ لَا يَلِتۡكُم مِّنۡ أَعۡمَٰلِكُمۡ شَيۡـًٔاۚ إِنَّ ٱللَّهَ غَفُورٞ رَّحِيمٌ ١٤
Ababa mu micungararo y’igisagara ca Madina, barinamuye bavuga bihaya bati: “Twaremeye vy’ukuri Imana Allah n’Intumwa yayoˮ. Muvugishwamana! Babwire uti: “Ntimukihaye ko mwemeye vy’ukuri, ahubwo nimuvuge muti: “Twarabaye abislamuˮ, nayo ukwemera ntikuranyengetera mu mitima yanyu. Nimwumvira Imana Allah n’Intumwa yayo, Imana Allah ntizogabanya na kimwe mu ndishi z’ibikorwa vyanyuˮ. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo1.
Footnotes
  • [1] Iyi Aayah, irabuza umuntu ko yihaya mu kwemera mu majambo, mu gihe ibikorwa vyiwe biteye kubiri n’ivyo avuga.