Ikirundi gehiti

Ayah by Ayah

Tags

Download Links

Ikirundi gehiti translation for Surah Ar-Rahman — Ayah 13

55:13
فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ ١٣
Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana1!
Footnotes
  • [1] Igihe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yasomera Amajini iki gisomwa, igihe cose isomye iyi Aayah, nya Majini yaca yishura ati: “Eka nta n’imwe mu nema zawe Mana yacu Rurema Allah duhakana, ahubwo mbere Urakwiye ishimagizwa muri vyose!”. Birakenewe rero ko umuntu yemanga agashima inema z’Imana Allah mu gihe cose azibukijwe.