Ikirundi gehiti

Ayah by Ayah

Tags

Download Links

Ikirundi gehiti translation for Surah Al-Mujadila — Ayah 22

58:22
لَّا تَجِدُ قَوۡمٗا يُؤۡمِنُونَ بِٱللَّهِ وَٱلۡيَوۡمِ ٱلۡأٓخِرِ يُوَآدُّونَ مَنۡ حَآدَّ ٱللَّهَ وَرَسُولَهُۥ وَلَوۡ كَانُوٓاْ ءَابَآءَهُمۡ أَوۡ أَبۡنَآءَهُمۡ أَوۡ إِخۡوَٰنَهُمۡ أَوۡ عَشِيرَتَهُمۡۚ أُوْلَٰٓئِكَ كَتَبَ فِي قُلُوبِهِمُ ٱلۡإِيمَٰنَ وَأَيَّدَهُم بِرُوحٖ مِّنۡهُۖ وَيُدۡخِلُهُمۡ جَنَّٰتٖ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُ خَٰلِدِينَ فِيهَاۚ رَضِيَ ٱللَّهُ عَنۡهُمۡ وَرَضُواْ عَنۡهُۚ أُوْلَٰٓئِكَ حِزۡبُ ٱللَّهِۚ أَلَآ إِنَّ حِزۡبَ ٱللَّهِ هُمُ ٱلۡمُفۡلِحُونَ ٢٢
Ntumwa y'Imana! Nta ho vyakabaye ko wosanga abantu bemera Imana Allah n’umusi w’imperuka bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, bacuditse n’abarwanya Imana Allah n’Intumwa yayo, n’aho boba ari abavyeyi babo, canke ibibondo vyabo, canke benewabo, canke incuti zabo za hafi mu muryango. Abo, ni bo rero Imana Allah Yamaze gutsimbataza ukwemera mu mitima yabo, Ibatera ingoga, Ibaha n’umuco wayo, kandi Izobinjiza mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, bazoyibamwo ibihe bidahera. Imana Allah Yarabishimiye kuko bayigamburukiye, na bo barayishimira ku mpera ikwiye Yabahaye. Abo, ni wo mugwi rero w’abatoni b'Imana Allah, bayumvira. Bantu, nimwumve mwumvireho! Mu vy'ukuri, umugwi w’abatoni b'Imana Allah bayumvira, ni wo waronse intsinzi yo kuroranirwa kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.