Ikirundi gehiti

Ayah by Ayah

Tags

Download Links

Ikirundi gehiti translation for Surah Al-Mujadila — Ayah 6

58:6
يَوۡمَ يَبۡعَثُهُمُ ٱللَّهُ جَمِيعٗا فَيُنَبِّئُهُم بِمَا عَمِلُوٓاْۚ أَحۡصَىٰهُ ٱللَّهُ وَنَسُوهُۚ وَٱللَّهُ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ شَهِيدٌ ٦
Ntumwa y’Imana! Ibuka umusi Imana Allah Yazuye abantu bose Ikabakoraniriza hamwe, hanyuma Ikabamenyesha ivyo bakoze kw’isi. Imana Allah, Yarabibungabunze mu kuvyandika mu Gitabu nyezina canditswemwo ivyagezwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo “Lawhu Mahfuudhw” hamwe rero no mu bitabu vyabo, mu gihe bo bamaze kuvyibagira. Burya Imana Allah, ni Yo Cabona ku kintu ico ari co cose.