Ni Yo Mana Allah, nta yindi mana ibwirijwe gusengwa atari Yo. Ni Yo Mwami, Nyenubutagatifu, Semahoro, Nyenugutekanisha1, Uwiganje2, Nyenintsinzi-Mutaneshwa3, Ntahangarwa, Nyenukwishima. Ukuninahazwa, ni ukw’Imana Allah mu buryo burengeye cane ivyo bayitiranya bayibangikanya;
Footnotes
[1]
Imana Allah Itekanisha Intumwa n’Abavugishwamana, Ikanabatsimbataza mu kubahishurira amabwirizwa n’ibitangaro.
[2]
Mu kurereka ibiremwa hamwe n’ivyo bikora.
[3]
Nta kinanira Imana Allah, haba kw’isi canke mu majuru.