Ikirundi gehiti

Ayah by Ayah

Tags

Download Links

Ikirundi gehiti translation for Surah Al-Qalam — Ayah 42

68:42
يَوۡمَ يُكۡشَفُ عَن سَاقٖ وَيُدۡعَوۡنَ إِلَى ٱلسُّجُودِ فَلَا يَسۡتَطِيعُونَ ٤٢
Ku musi hazoba hari intureka z’akataraboneka, maze Imana Allah Igaseruka gutunganiriza ibiremwa, Igaheza Ikagaragaza umurundi wayo mutagatifu1 utagira na kimwe bisa mu biremwa, maze ibiremwa bigahamagarirwa kwubamira Uhoraho Allah, ibiremwa bitigeze vyubamira Imana Allah kw'isi, nta vyo bizoshobora ngo vyubame;
Footnotes
  • [1] Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yaravuze iti: “Imana yacu Rurema Allah Izogaragaza umurundi wayo, maze umwemeramana wese mu bagabo no mu bagore ace ayubamira, hasigare uwahora ayubamira kw’isi ku kwiyerekana no kuyagwa neza; agize ngo yubame, umugongo wiwe uzoca ucika igihimba kimwe kitagondeka”. Yashikirijwe na Al-Bukhariy na Muslimu.