Ikirundi gehiti

Ayah by Ayah

Tags

Download Links

Ikirundi gehiti translation for Surah Ash-Shuraa — Ayah 51

42:51
۞ وَمَا كَانَ لِبَشَرٍ أَن يُكَلِّمَهُ ٱللَّهُ إِلَّا وَحۡيًا أَوۡ مِن وَرَآيِٕ حِجَابٍ أَوۡ يُرۡسِلَ رَسُولٗا فَيُوحِيَ بِإِذۡنِهِۦ مَا يَشَآءُۚ إِنَّهُۥ عَلِيٌّ حَكِيمٞ ٥١
Nta ho vyakabaye ko haba umuntu avugana n’Imana Allah amaso mu yandi, kiretse ko Imuhishurira; canke akavugana na Yo inyuma y’ipaziya, nka kurya Yavuganye na Musa; canke Ikamurungikira Intumwa Jibrili, maze ikamuhishurira ku burenganzira bwayo ivyo Ishaka kumuhishurira1. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenicubahiro-ntangere2, Intungane mu vyo Ikora.
Footnotes
  • [1] Iyi Aayah, ni icemezo c’uko Imana Allah Ivuga mu buryo buberanye n’icubahiro cayo.
  • [2] Mu kuntu Iteye, mu mazina yayo, mu matazirano yayo no mu bikorwa vyayo.